Uko wahagera

Ibitero vya Turukiya ku Barwanyi ba Reta ya Kiyisilamu Muri Siriya


Muri Turukiya, igisirikare ca Reta cakoze ibitero ku birindiro vy’abagwanyi ba Reta ya Kiyisilamu, kur’uyu wa kabiri, mu gisagara gihana urubibe n’Igihugu ca Siriya.

Abagwanyi bashika ku 1.500, baturuka mu gisaraga ca Jarabulus muri Siriya, bagize ihuriro mu gisagara ca Gaziantep, kiri muri Turukiya, ahabereye igitero ku munsi wa gatandatu cahitanye abantu 54.

Iki gikorwa gishasha ca Reta ya Turukiya igamije gutera abagwanyi ba Reta ya Kisilamu muri Siriya kikaba giteye ibibazo. Abavyihweza bibaza uburyo ibintu bigiye kugenda mur’ico gisagara kizohuriramwo n’imigwi isanzwe itavuga rumwe.

Igisagara ca Jarabulus cigaruriwe na Reta ya Kisilamu haraheze imyaka ibiri, kikaba ar’igisagara uwo mugwi ucishamwo ibikoresho vya gisirikare n’abagwanyi binjira aho muri Siriya bavuye hanze.

Mu ntumbero yo kwugara cane uwo mupaka, no kugwanya Reta ya Kisilamu, Reta ya Turukiya itegekanya kwubaka uruhome rw’ibirometero 208, ruzogabura ivyo bihugu ukw’ari bibiri, Turukiya na Siriya.

Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya avuga ko kugwanya Reta ya Kisilamu bishobora kuba vyarenze igihe bivanye n’uko abo bagwanyi baza bari mu bisagara nka bitatu vya Gaziantep, muri Turukiya.

XS
SM
MD
LG