Uko wahagera

BURUNDI: ONU Ku bimenyetso Vy’ihonyabwoko.


Ivuga ko Hari Ibinyetso vy’Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ujejwe kwamira ifatwa bunyamaswa ry’abantu, warihweje icegeranyo kidasanzwe ku Burundi mu ndwi iheze, hanyuma uraheza uragabishije kw’ubwicanyi hamwe n’ukubiba urwanko rw’Abatutsi, bishobora kuvamwo ihonyabwoko.

Umuyobozi w’uyo murwi, Jens Modvig, yabwiye Ijwi rya Amerika kw’uyo murwi wa O-N-U, waronse amakuru avuga ko mu Burundi hari ubwicanyi n’ugufata abantu bunyamaswa, bifatiye ku mpamvu za politike n’ubwoko.

Modvig, a yavuze kandi kw’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U ku vyerekeye kwirinda ihonyabwoko, yatangaje kw’afise iimpungenge kubera hari ibimenyetso vya mbere vyerekana kw’ibintu biriko biraba mu Burundi, bishobora kuvamwo ihonyabwoko.

Mbega ico cegeranyo mukivugako iki? Abarundi boba bafise umugambi wo kumarana hizunzwe ubwoko?

Ikintu cokorwa kugirango umuntu wese agifise agatima ko kwiyumvira ihonyabwoko canke kurikora ateshwe ate, n’ikihe?

Mushobora kwumviriza ikiganiro twagiranye na Anicet Niyonkuru, umunyamabanga ntayegayezwa w’urunani CNARED hamwe na Jacques Bigirimana umukuru w’umugambwe FNL wemewe n’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati

please wait

No media source currently available

0:00 0:52:16 0:00

XS
SM
MD
LG