Uko wahagera

Riek Machar Ari m'Ubuhungiro muri DRC


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko uwahoze ar’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ca Sudani yo m’ubumanuko, Riek Machar yahungiye mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Umuvugizi wa ONU, Farhan Haq yabwiye abamenyeshamakuru ejo kuwa kane ko Machar yarakomeretse kandi arwaye kandi ko ari kumwe n’umukenyezi wiwe hamwe n’abandi bantu cumi.

Reta ya Kongo yasavye ko Machar n’abo barikumwe bakurwa aho bari hafi y’umupaka wa Kongo na Sudani yo m’ubumanuko kugira bimurirwe hagati mu gihugu.

Izo nteko za ONU zatoye Machar n’abo bari kumwe mu gisagara ca Dungu, hafi y’urubibe na Sudani yo m’ubumanuko.

Machar ari mu bwihisho kuva mu ntango z’ukwezi kw’indwi habaye gutana mu mitwe hagati y’abamushigikiye hamwe n’abasirikare ba reta, k’umurwa mukuru Juba, intureka yahitanye abarenga 300.

XS
SM
MD
LG