Uko wahagera

Somaliya: Ibitabo Vyasubiriye Amabombe muri Iyi Ndwi


Umurwa mukuru wa Somaliya, ni kimwe mu bisagara birangwa n’umutekano muke cane kw’isi. Yamara muri iyi ndwi, ubwoba bw’amabombe bwasubiriwe n’urukundo rw’ibitabo.

Abateguye ihayanishwa ry’ibitabo, batangaza kw;abantu bagera ku bihumbi mirongo ibiri bitavye umusi wa mbere w’ihayanishwa ry’ibitabo, ku murwa mukuru, Mogadisjho. Bahuye na’abanditsi b’ibitabo, barihweza amazina y’ibitabo amajana n’amajana vyari mw’ihayanishwa.

Iryo hayanishwa ry’imisi itatu rizobandanya gushika, ejo ku musi wa gatanu.

Ihayanishwa ry’ibitabo ryerekana uruhande rw’igisagara ca Mogadisho, kiriko kigerageza kuva mu ruhagarara n’ibwicanyi bimaze imyaka n’imyaka. Mohamed Dini, yashinze ihayanishwa ry’ibitabo, avuga kw’ico bashaka gushikako muri iryo hayanishwa ari ugufasha kwubaka igihugu.

Avugako ibitabo n’ubumenyi bozoba inkingi y’igihugu ca Somaliya gishasha bashaka kubona. Ivyo yabitangaje mu kiganiro yahaye, Service y’Igisomali, kw’Ijwi rya Amerika. Yatangaje kw’ibitabo n’amakaramu, bizotegerezwa gusubirira akajagari n’inkoho.

Abanyasomaliya bakoresheje uburyo ngurukanabumenyi kugira bahayagize ihayanishwa ry’ibitab, mu kuvuga ko ari ikintu ciza. Batangaza kw’ari ikintu abantu batzbona mw’itangazamakuru risanzwe.

Abateguye iryo hayanishwa bamenyesha ko batangajwe n’igitigiri kinini c’abantu baryitavye. Batangaza kw’igitigiri kinini c’abaryitavye ari abakiri bato, bari hagati y’imyaka 15 n’imyaka 35.

XS
SM
MD
LG