Uko wahagera

Siriya: Isanamu y'Umwana Yakomerekejwe na Bombe


Isanamu y’umwana w’umuhungu yuzuye amaraso n’inkungugu ku mubiri, yakomeretse mu gitero c’indege y’ingwano cihaye inkumb mu gisagara ca Aleppo, mu gihugu ca Siriya, yarakwirikiranywe cane mu makungu.

Iyo sanamu yakwiragijwe biciye mu buryo bw’itangazamakuru busanzwe, hamwe n’ubwryo ngurukanabumenyi bwa none.

Abarwanya Reta ya Siriya, bashize ahabona isanamu y’uwo mwana w’umuhungu, yasa n’uwutazi aho ari, arushe, yicaye ku ntebe y'imodoka itwara indembe, yuzuye amaraso n’inkunguru mu maso.

Umuganga mu gisagara ca, Aleppo, Osama Abu al-Ezz, yatangaje uno musi ku wa kane, kw’izina ry’uwo mwana w’umuhungu w’imyaka itanu, ari Omran Dagneesh. Uwo muganga yemeje kw’uwo mwana w’umuhungu yajanywe mu bitaro bizwi kw’izina rya, “M10”, ejo ku musi wa gatatu mw’ijoro, aravurwa ibikomere mu mutwe imbere yuko avanwa mu bitaro.

Uwo mwana w’umuhungu yakomeretse inyuma yuko habaye igitero c’indege y’ingwano, mu gice c’igisagara ca Aleppo, kiri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi muri Siriya, ca Qaterji.

Umuganga mu bitaro, “M10” yatangaje kw’abantu cumi bishwe muri ico gitero, harimwo abana batanu.

Gatoyi inyuma yuko ico gitero kibaye, abakozi bajejwe gutabara, n’abamenyeshamakuru baciye batangura gukura abantu, mu bisigarira vy’inyubakwa zasenyutse. Muribo harimwo umumenyeshamakuru afata amasanamu, Mahmoud Raslan, yafashe isanamu ya, Omran Dagneesh, yerekana ubunyamaswa bw’ingwano yo muri Siriya.

Raslan, avuga ko uwo mwana w’umuhungu, abavyeyi biwe n’abo bavukana batatu bakuwe mu bisigarira vy’inyubakwa babamwo igice cayo cari yasambutse. Nta numwe mu murango wiwe yakomeretse bikomeye.

Iyo nyubakwa yarasenyutse yose, gatoyi inyuma yuko batabawe.

XS
SM
MD
LG