Uko wahagera

RIO 2016: Usain Bolt Ariruka Imetero 200


Umunyajamayika, Usain Bolt, araza guhiganwa uno musi ku wa kane mu metero amajana abiri.

Bolt yatsinze iryo higanwa mu nkiko mpuzamakungu z’i Londres zo mu mwaka w’i 2012. Aza yaratsnze ihiganwa ry’ukwiruka imetero ijana mku nkino mpuzamakungu za Olempike, za Rio de Janeiro, mu gihugu ca Brezil.

Usain Bolt, ashaka kurangiza ihiganwa ry’ukwiruka imetero amajana abiri ,mu myanya mwiza cane kurusha uwo asanganywe muri iki gihe. Ashaka kuba umunonotsi wa mbere azokwiruka imetero amajana abiri, mu mwanya uri musi y’imisegunda cumi n’icenda.

Muri ico gihe, Umunyamerika, Dalilah Muhammad, ariko arondera gutsindira umudali wiwe wa mbere w’inzahabu, mu nkino mpuzamakungu za Olempike za Rio, mu metro amajana ane umuntu agenda arasimba imitego. Muhammad, niwe abaonwa n’abantu benshi ko ashobora gutsinda umudali w’inzahabu.

Yamara ahiganwa n’abanonotsi bakomeye, Zuzana Hejnova, wo muri Republika y’aba Czech na, Sara Petersen, wo mu gihugu ca Danemark. Hejnova, niwe afise umwanya mwiza cane muri iryo higanwa muri iki gihe kw’isi.

Imidali y’inzahabu 25 niyo iza guhiganirwa uno musi ku wa kane.

XS
SM
MD
LG