Uko wahagera

Sudani yo m'Ubumanuko: Abakora mu Mashirahamwe y'Abagira Neza Barahohotewe


Abakora mu mashirahamwe y'abagira neza muri Sudani yo m'Ubumanuko ku kibuga c'indege ca Wilson i Nairobi muri Kenya
Abakora mu mashirahamwe y'abagira neza muri Sudani yo m'Ubumanuko ku kibuga c'indege ca Wilson i Nairobi muri Kenya

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press rimenyesha ko abasirikare ba Sudani yo m’ubumanuko bahohoteye, barasambanya, barakubita bongera barasahura abakozi bakora mu mashirahamwe y’abagira neza.

Iyo raporo yasohotse kuwa kabiri ivuga ko ivyo vyabereye kw’I hoteri yitwa Terrain iri k’umurwa mukuru Juba kw’itariki ya 11 z’ukwezi kwa ndwikandi abari batumberewe gukorerwa ayo mahano ar’Abanyamerika.

Associated Press rivuga kandi ko abanyagihugu bar’aho kur’iyo hoteri batabaje inteko za ONU ndetse n’umuserukizi bw’Amerika biri ahadashika ikirometero ariko ngo ntaco bafashije.

Iyo hoteri isanzwe ihurumbirwa n’abanyamahanga hamwe n’abakire b’abanyasudani yo mu bumanuko.

Uwuserukira Amerika muri ONU, Samantha Power, yatangaje ko yaba reta ya Sudani n’inteko za ONU bose ntaco bafashije.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, Farhan Haq, amenyesha ko bagiye gukora amatohoza akomeye kur’ivyo vyagirizwa abasirikare babo batatabaye.

XS
SM
MD
LG