Uko wahagera

Uburusiya Buriko Bukoresha Irani mu Gutera muri Siriya


Indege y'ingwano ishika akure cane y'Uburusiya, Tu-22M23 iriko ikorora amabombe ku butaka bwa Siriya
Indege y'ingwano ishika akure cane y'Uburusiya, Tu-22M23 iriko ikorora amabombe ku butaka bwa Siriya

Uburusiya bwatangaje, ku musi wa kabiri kw’indege z’ingwano zabwo zahagurutse zivuye mu kibanza ca gisirikare, mu gihugu ca Iran,i mu bwabaye ubwa mbere kugira zigire ibitero ku barwanyi muri Siriya.

Ubushikiranganji bujejwe ukwivuna abansi bw’Uburusiya bumenyesha kw’indege z’ingwano zishika kure cane Tu-22M3, na Su-34, zavuye mu kibanza ca gisirikare ca Hamedan, muri Irani, kiri hafi y’ibilometero 280, mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru wa Irani, Tehran.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi butangaza kw’izo ndege z’ingwano zasambuye ibigangara birimwo ibirwanisho, amasasi n’ibitoro.

Izo ndege z’ingwanao zasambuye kandi ibibanza vy’ukwimenyerezamwo vy’imirwi y’iterabwoba, Reta ya Kiyislamu, na Jabhat al-Nusra, mu ntara za Aleppo, Deir Ezzor na Idlib.

Inteko z’Uburusiya zagize ibitero vy’indege z’ingwano, mu gikorwa c’ugushigikira Reta ya perezida wa Siriya, Bashar al-Assad, kuva mu mpera z’ukwezi kw’icenda mu mwaka uheze.

Ku musi wa kabiri nibwo bwa mbere indege z’ingwano z’Uburusiya zigize ibitero zivuye hanze y’igihugu ca Siriya, hakoreshejwe indege z’ingwano zishika kure cane.

XS
SM
MD
LG