Uko wahagera

Filipine: Bariyamiriza ko Marcos Ashirwa mu Biguze Igihugu


Abanyagihugu biyamiriza ko imva ya Ferdinand Marcos yahoze arongoye Philippine izanwa k'umurwa mukuru Manila
Abanyagihugu biyamiriza ko imva ya Ferdinand Marcos yahoze arongoye Philippine izanwa k'umurwa mukuru Manila

Mu gihugu ca Philipine, abantu baharurwa mu majana barihereje amabarabara biyamiriza umugambi wa Perezida w’ico gihugu Rodrigo Duterte wo kwimurira imva ya Ferdinand Marcos yahoze arongoye ico gihugu k’umurwa mukuru Manila.

Ni mu gihe bamwe mur’abo bihereje amabarabara kuwa mungu bavuga ko Ferdinand Marcos yatwaza igikenye ku ntwaro yiwe kandi yahohoteye bamwe muri bo abandi abata mu mvuto mu gihe yari k’ubutegetsi.

Nawe Perezida Duteres ararahira akarengwa ko ativuguruza ku ngingo yafashe, ko agiye gukura iyo mva aho iri mugisagara ciwe c’amavuko ayimurire mw’itongo ry’abiguze igihugu riri k’umurwa mukuru Manila m’ukwezi kuza.

Perezida Marcos yakuwe k’ubutegetsi n’imigumuko y’abanyagihugu mu mwaka w’1986, aca aja kuba mu buhungiro hamwe n’umuryango wiwe mw’izinga rya Hawai ari naho yasandabiye mu mwaka w’1989.

Ibisigarira vy’imva yiwe vyaciye mu nyuma bitwarwa mu gisagara avukamwo kiri muri Philipine.

XS
SM
MD
LG