Uko wahagera

Siriya: Abasivile Basubiye i Manbij


Umugabo ariko akata ubwanwa bw'umusivile yari yarahunze abarwanyi b'umuhari wa reta ya Kiyisilamu i manbij, muri Aleppo
Umugabo ariko akata ubwanwa bw'umusivile yari yarahunze abarwanyi b'umuhari wa reta ya Kiyisilamu i manbij, muri Aleppo

Abanyagihugu ba Siriya baharurwa mu bihumbi kuwa gatandatu barasubiye mu gisagara ca Manbij gisigaye ar’umusaka.

N’inyuma y’umusi umwe abarwanyi bashigikiwe n’Amerika birukanye intagondwa zanyuma z’umuhari wa reta ya Kiyisilamu zari zigisigaye mu gace barimwo hafi y’umupaka na Turukiya.

Ntivyari bwamenyekane nimba abo barwanyi barafashwe canke ko aribo bahisemwo guhunga. Ariko ababibonye bamenyesha ko abasivile basubiye mur’ico gisagara haheze amasaha make abo barwanyi bakivuyemwo.

Manbij war’umuhora umuhari wa reta ya Kiyisilamu wahora ucishamwo ibirwanisho bivuye ku cicaro gikuru cawo kiri i Raqqa muri Siriya.

Leta zunze ubumwe z’Amerika ishikiriza ko Manbij ariho hahora hatangirwa imyimenyerezo ku banyamahanga baja kwiyunga nabo.

XS
SM
MD
LG