Uko wahagera

Burundi: ONU Ifise Amakenga ko Hashobora Kuba Ihonyabwoko


Urwaruka rwo mu Burundi rugaragaza ko ata Honyabwoko rizoba mu Burundi
Urwaruka rwo mu Burundi rugaragaza ko ata Honyabwoko rizoba mu Burundi

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ujejwe kurwanya gufata abantu bunyamaswa uragabisha kw’ubwicanyi, n’ugukokeza urwanko rw’Abatutsi, mu Burundi, bishobora kuvamwo ihonyabwoko.

Mu nama yamaze indwi zitatu, umurwi wa O-N-U ujejwe kurwanya gufata abantu bunyamaswa wihweje ivyegerenyo bitatu vyashikirijwe n’ibihugu vya Koweit, Honduras na Mongoliya.

Uwo murwi warihweje kandi icegeranyo kidasanzwe ku Burundi.

Umuyobozi w’uwo murwi, Jens Modvig, avuga ko uwo murwi wasavye Uburundi gushikiriza icegeranyo kidasanzwe kubera ibintu bitari bike biteye impungenge mu gihugu.

Yabwiye Ijwi ry'Amerika kw’umurwi wa O-N-U, ujejwe kurwanya gufata abantu bunyamaswa, ko waronse amakuru ko ubwicanyi n’ugufata abantu bunyamaswa, bifatiye ku mpamvu za politike n’ubwoko vyiboneke mu Burundi.

Modvig, amenyesha kandi kw’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa O-N-U, ku vyerekeye kwirinda ihonyabwoko yerekanye impungenge mu kuvuga ko ibimenyetso vya mbere vyerekana ko uko ibintu vyifashe mu Burundi bishobora kuvamwo ihonyabwoko.

Amenyesha ko umuntu aravye gufata bunyamaswa ikivunga abantu bari mu migambwe imwe imwe canke ubwoko kanaka, bishobora kuba ari ikimenyetso ca mbere c’umugambi ushobora kuvamwo ihonyabwoko.

Reta y’Uburundi yararungitse abategetsi bakomeye bayiserukira gushikiriza icegeranyo ku kugene ibintu vyifashe mu gihugu, yamara umurwi ujejwe kurwanya gufata abantu bunyamaswa watangaje ko batitavye umusi ugira kabiri kugira bishure ibibazo bitari bike bikomeye vy’uwo murwi.

Uwo murwi umenyesha ko bwabaye ubwa mbere ibintu nk'ivyo biba mu mateka yawo.

.

XS
SM
MD
LG