Uko wahagera

Sudani: Ibiganiro Hagati ya Reta n'Abatavuga rumwe Nayo


 Perezida Omar al-Bashir was Sudani.
Perezida Omar al-Bashir was Sudani.

Ibiganiro bigenewe guhagarika ingwano mu ntara za Darfur, Blue Nile na Kordofani yo mu bumanuko, muri Sudani, vyatanguye ku musi wa kabiri.

Ivyo inyuma yuko urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta iteye igikumu ku masezerano y’ukuja mu biganiro bihuza Abanyasudani, vyatangujwe na perezida Omar al-Bashir.

Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta yateye igikumu kuri ayo masezerano ku murwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeba ku musi wa mbere.

Amakuru atangwa amenyesha ko ibiganiro amaso mu yandi hagati ya Reta, n’urunani rw’abatavuga rumwe na Reta vyatanguye i Addis Abeba.

Perezida Bashir, yiyemeje gushika ku masezerano y’uguhagarika ingwano ntabanduka n’abarwanya ubutegetsi.

Reta iravugana kandi n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, harimwo abapfasoni n’amashirahamwe y’abakiri bato, mu biganiro bigenewe kugarukana ukubana mu mahoro hagati y’Abarabu n’abanyagihugu batari Abarabu.

Perezida Bashir, yatangaje ku musi wa kabiri kw’ikintu nyamukuru ashaka gushimikiraho ar’ugutunganya gushasha inzego za politike.

XS
SM
MD
LG