Uko wahagera

Somaliya: Ambasaderi w’Amerika Yatanguye Amabanga


Ambasaderi wa mbere wa Leta zunze ubumwe z’Amerika muri Somaliya yashitse I Mogadishu kur’uyu wa kabiri aho yashikirije ikete rimugena reta y’ico gihugu mugihe hari haheze imyaka 25 ata buserukizi bw’Amerika burangwayo.

Ambassaderi Stephen Schwartz, agiye gufasha abategetsi ba Somaliya kugarukana umutekano mur’ico gihugu catabaguwe n’intambara y’abasivile imaze imyaka irenga cumi hamwe n’ibitero vya al-Shabab.

Umushikiranganji wa Somaliya ajejwe imigenderanire n’amakungu yatangaje ko Schwartz yashimye intambwe zimaze guterwa mur’ico gihugu mu myaka umunani iheze kandi ko yasavye abategetsi b’ico gihugu kurushiriza gutez’imbere imibereho y’abanyagihugu cane cane abakenyezi n’urwaruka.

Mu mwaka w’1991 niho Amerika yahagarika ubuserukizi I Mogadishu inyuma y’aho intwaro ya Mohamed Said Barre yari k’ubutegetsi ico gihe yirukaniwe k’ubutegetsi hamwe n’intambara z’amoko zadutse.

XS
SM
MD
LG