Uko wahagera

Imigenderanire y’Ubuyapani n’Ubushinwa si Myiza


Ubuyapani bumenyesha ko imigenderanire yaco n’Ubushinwa irushiriza kuba nabi bivanye n’uko Ubushinwa bubandanya kurungika ubwato bw’intambara hafi y’amazinga asanzwe arimwo amatati mw’ibahari iri m’ubusuruko bw’Ubushinwa.

Umushikirangannji w’Ubuyapani ajejwe imgenderanire n’amakungu Fumio Kishida yatumyeko Ambasaderi w’Ubushinwa mur’ico gihugu Cheng Yonghua kwisigura kur’iyo nyifato.

Ambasaderi Cheng yabwiye abamenyeshamakuru inyuma y’uyo mubonano ko yabwiye umushikiranganji Kishida ko ar’ibisanzwe ko ubwato bw’Ubushinwa bukizura mu mazi yo hafi y’ayo mazinga.

Ubuyapani n’Ubushinwa, n’ibihugu bibiri biri mu bikomeye muvy’ubutunzi kw’isi. Imigenderanire hagati yavyo imaze imyaka itari mike icumbagira bivanye n’amatati bifitaniye k’ubutaka.

XS
SM
MD
LG