Uko wahagera

IGAD Isaba Ko Riek Machar Asubizwa Mu Mabanga


Uwahoze ar’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu muri Sudani yo mu bumanuko, Riek Machar yashimye ingingo yafashwe n’abakuru b’ibihugu vyo mur’ako karere basaba ko yosubizwa mu mabanga yiwe.

Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi wiwe James Gadet Dak k’umusi wa gatandatu.

Mu nama yabahuje I Addis Ababa k’umurwa mukuru wa Etiyopiya kuwa gatanu, abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’iterambere mur’ako karere IGAD basavye ko Machar yosubizwa mu kibanza ciwe.

Basavye kandi harungikwa inteko zo murako karere zija kubungabunga amahoro no gukingira abasivile mu twigoro two gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro yateweko umukono na Perezida Salva Kiir hamwe na Machar.

Dak amenyesha ko Machar yiteguye gusubira k’umurwa mukuru Juba izo nteko zibanje kurungikwa.

Nawe Taban Den Gai, aheruka kugenwa na Salva Kiir ngo asubirire Machar amenyesha ko atazoba intambamyi, ko yiteguye gukinjura mu ntumbero yo kwubahiriza iyo ngingo y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere.

XS
SM
MD
LG