Uko wahagera

Uganda: Abakundana Bahuje Ibitsina Ntiborohewe


Igipolisi c’Ubuganda caraburijemwo imyiyerekano yari yatunganijwe n’umuhari w’abakundana bahuje ibitsina, k’umusi wa kane k’umurwa mukuru Kampala congera kirahagarika abatari bake mubari bayitunganije.

Umukuru w’igipolisi muri Distrikte ya Kampala, Komanda Isaac Mugerwa, yamenyesheje ko bahagaritse iyo myiyerekano ku mvo z’umutekano kandi ko igipolisi kitari carabimenyeshejwe imbere y’uko iba.

Mwomenya ko inama nshingamateka y’Ubuganda yasohoye integuro y’itegeko mu mwaka w’2009 yo guhanisha igihano co gupfa abazogaragara ko bakundana bahuza ibitsina.

Itegeko ryagiye guhindurwa mu nyuma rishirwa k’umunyororo wo gufungwa ubuzima bwose ritako ryemezwa m’umwaka w’2014.

Abarongoye uwo muhari uhurukiyemwo abo bakundana bahuje ibitsina, bitwa kandi LGBT community bavuga ko bategekanya iyindi myiyerekano kur’uyu wa gatandatu.

XS
SM
MD
LG