Uko wahagera

Misiri: Abu Duaa al-Ansari wa ISIS Yarishwe


Igisirikare ca Misiri kimenyesha ko cishe Abu Duaa al-Ansari avugwa ko yari umukuru w’ishami ry’umuhari wa reta ya Kiyisilamu urwanira mu ntara ya Sinai.

Igisirikare caragavye ibitero vy’indege mu gisagara ca Arish, cica abarwanyi 45 barimwo n’uwo al-Ansari nk’uko bitangazwa na Jenerali Mohammed Samir wo mu ngabo za Misiri.

Abasirikare ba Misiri bamaze imyaka itari mike barwanya umuhari wa reta ya Kiyisilamu mur’iyo ntara ya Sinai. Leta zunze ubumwe z’Amerika itangaza ko muri Misiri hashobora kuba hari abarwanyi bashika ku gihumbi.

XS
SM
MD
LG