Uko wahagera

Igihuhusi Earl muri Belize


Igihuhusi Earl
Igihuhusi Earl

Igihuhusi Earl, cashitse mu gisagara ca Belize City, muri Belize, aho kibandanya gutera kija mu burengero bw’amazinga ya Karayibe.

Ikigo kijejwe gukwirikirana ibihuhusi, ku rwego rw’igihugu, mu gisagara ca Miami, kimenyesha kw’igihuhusi, co ku rugero rwa mbere, cashitse mu gihugu ca Belize, aho carimwo imiyaga y’inguvu zishika ku bilometero ijana na mirongo itatu kw’isaha.

Vyitezweko kw’inguvu z’igihuhusi Earl, zigabanuka mu gihe kiriko gitera kija mu bice vyo hagati canke mu buresuko bw’igihugu, n’igihe gitera kija mu bumanuko bw’igihugu ca Mexique, canke uburaruko bw’igihugu ca Guatemala, mu kiringo c’amasaha atari make ari imbere.

Abategetsi muri Reta ya, Quintana Roo, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Mexique, bakuye abanyagihugu muri ako karere kubera ubwoba bw’imyuzurane.

Ikigo gikwirikirana ibihuhusi kimenyesha ko bimwe mu bice vyageramiwe n’igihuhusi, Earl, bishobora kuronka gushika kw’isantimetero mirongo ine z’imvura, n’imyuzurane ikomeye, isenyuka ry’imisozi n’imikuba y’amazi ishobora kwonona ibitari bike.

XS
SM
MD
LG