Uko wahagera

Umunyasomaliya Yishe Umuntu I Londres


Abapolisi batari bake mu mabarabara y’Igisagara ca Londres,
Abapolisi batari bake mu mabarabara y’Igisagara ca Londres,

Mu gihugu c’Ubwongereza igipolisi caho catangaje ko atanakimwe batoye cerekana iterabwoba ku mugabo aturuka muri Somaliya yicishishe imbugita umugore w’imyaka 60, yongera akomeretsa abantu batanu.

Igipolisi kivuga ko ahubwo basanze afise ingwara yo mu mutwe.

Igipolisi cahagaritse umusore w’imyaka 19, mu gisagara ca Russel Square, hafi ya Kaminuza ya Londres, gikoresheje imishwarara ibabaza. Uyo musore apfungiwe icamaso mu bitaro biri hafi y’aho yafatiwe.

Ingingo yafashwe yo guha inkoho abapolisi bakorera mu mabarabara n’ingingo ifasha cane. Mu gihugu c’Ubwongereza, abapolisi benshi nta nkoho bagendana. Ingingo yemerera kugendana inkoho abapolisi bashika ku bihumbi mirongo itatu n’umwe bo mu gisagara ca Londres izogumaho.

Umukenyezi yishwe yaturuka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Batatu mu bari bakomeretse basohotse ibitaro, abandi babiri ntawuzi uko bamerewe.

Ubwo bwicanyi bwatumye harungikwa abapolisi batari bake mu mabarabara y’Igisagara ca Londres, kugira bahumurize bongere bacunge umutekano w’abanyagihugu.

Ubwo bwicanyi bwahuriranye kandi n’umunsi hari hafashwe ingingo yo kurungika abapolisi mw’ibarabara kugira bakinge ubwicanyi bw’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG