Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yongeye Gutera Misile


Abategetsi ba gisirikare ba Koreya yo mu bumanuko batangaje ko Koreya ya ruguru yateye misile balistike k’umusi wa gatatu igwa ku nkengera y’ibahari k’uruhande rwa Koreya yo mu bumanuko.

Igisirikare ca Leta zunze ubumwe z’Amerika co kimenyesha ko hageragejwe misile zibiri ariko ko imwe yasambutse igiterwa.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe yavuze ko ivyo bigaragaza ko n’umutakano w’Ubuyapani, igihugu kibanyi ubangamiwe.

Uko kugerageza izo misile kwa Koreya ya ruguru kwiyamirijwe n’amakungu
aho Amerika yaciye igabisha ko yiteguye kwikingira no gukingira ibihugu bicuditse.

Ibaye misile igira kane igeragejwe n’ico gihugu mu kiringo c’indwi zibiri.

XS
SM
MD
LG