Uko wahagera

USA: Perezida Obama Yabonanye n'Urwaruka rwa YALI


Bamwe mu Barundi n'Abanyarwanda ba YALI bahuye na Obama
Bamwe mu Barundi n'Abanyarwanda ba YALI bahuye na Obama

Perezida, Barack Obama, yabonanye n’urwaruka rugera ku gihumbi, rwari rumaze indwi zitandatu ruronka inyigisho z’umugambi wa YALI, zigenewe kwongereza ubumenyi muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. N’umugambi wa perezida, Obama, ugenewe abakiri bato muri Afrika bashaka guhangana n’ibibazo bibageramiye.

Perezida, Obama, yabonanye nabo inyuma yuko barangije izo nyigisho i Washington ejo ku musi wa gatatu. Yabasavye kubandanya bakora kurushiriza kugira bashike ku bintu bikomeye cane mu buzima bwabo.

Yabemereye ko azobandanya kugira uruhara muri uwo mugambi, n’igihe zoba yarangije ikiringo ciwe mu mabanga ya perezida.

Mu rwaruka rwari ruhari harimwo Abarundi n’Abanyarwanda.

Bamwe muribo bashoboye kuvugana n’ijwi rya Amerika:

please wait

No media source currently available

0:00 0:09:15 0:00

XS
SM
MD
LG