Uko wahagera

Abasirikare b’Uganda 18 ba AMISOM Bitavye Ubutungane


Umusirikare wo mu nteko z’ubumwe bw’Afrika za AMISOM muri Somaliya yaraciriwe urubanza rwo gufungwa umwaka yongera akororwa amapete.

Major Pop Francis Origi yamuka mu Budanga yagirizwa kugurisha ibikoresho vya gisirikare hamwe n’ibitoro I Mogadishu.

Bubaye ubwa mbere umusirikare wa AMISOM ahanwa k’umugaragaro mugihe iyo ngeso yo kugurisha inkoho n’amasasu yama yibonekeje mu basirikare ba AMISOM hamwe n’aba reta ya Somaliya.

Major Pop Francis Origi, n’umwe mu bandi 18 ba AMISOM bari barengukishijwe imbere ya Sentare kuwa kabiri ku vyaha bitandukanye.

Abandi 17 urubanza rwabo rwungururijwe ku yandi masango. Pop Francis origi yaciye akurwa kw’ipete rya majoro ashirwa kurya kapitene.

M’ukwezi kwa gatandatu, abategetsi bajejwe umutekano muri Somaliya barahagaritse abandi abasirikare 5 bamuka mu Buganda bagirizwa kudandaza ibikoresho vya gisirikare hamwe n’ibitoro.

Ubuganda nico gifise abasirikare benshi muri Somaliya, baharurwa ku bihumbi 22.

XS
SM
MD
LG