Uko wahagera

Libiya: Bombe Yahitanye abantu 22 i Benghazi


Libiya kw'ikarata
Libiya kw'ikarata

Bombe yari yatezwe mu modoka, bisa nuko yarondera abasirikare bashigikiye Reta ishigikiwe n’amakungu y’igihugu ca Libiya, yishe abantu mirongo ibiri na babiri ku musi wa kabiri, abandi barenga mirongo ibiri barakomereka, mu gisagara ca Benghazi.

Abategetsi b’igisirikare bavuga ko ico gitero cabereye mu gice c’igisagara ca Benghazi citwa, Guwarsha.

Urunani rw’abarwanyi b’Abayislamu bitwa, “The Shura of Benghazi Revolutionaries” rwiyitiriye ico gitero.

Inteko zishigikiye Reta, mu buseruko bwa Libiya, zimaze igihe zirwanya abo barwanyi, mu mugambi w’ukwigarurira Benghazi, kuva mu mwaka w’i 2014.

XS
SM
MD
LG