Uko wahagera

Uburundi Ntibuzokwemera Inteko Z’Abapolisi


Intumwa z'inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, igihe zari i Burundi.
Intumwa z'inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, igihe zari i Burundi.

Reta y’Uburundi, yatangaje kw’itazokwemera inteko z’abapolisi 228, ishirahamwe mpuzamakungu ryari rifise umugambi wo kurungika mu Burundi.

Ivyo vyatangajwe n’umuhanuzi mukuru mu biro kwa perezida, Willy Nyamitwe.

Nyamitwe avuga ko hari imirwi ibandanya kurondera gutembagaza inzego zatowe n’abanyagihugu, ngo arinaco gituma reta y’Uburundi izokwamirira kure imirwi canke ibihugu bizoba bishaka guta Uburundi mu kaga.

Ku musi wa gatanu, inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, yaratoye icemezo co kurunginga abasirikare 228 mu kiringo ca mbere c’umwaka umwe, bazoba bajejwe guhagarika ubwicanyi hamwe n’irtyozwa ry’agateka ka zina muntu.

Nyamitwe atangura avuga ukuntu Uburundi n’Abarundi bakiriye ico cemezo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:08:50 0:00

XS
SM
MD
LG