Uko wahagera

Ubufaransa: Padiri Jacques Hamel Yashinguwe


Ubufaransa bwashinguye umupadiri w’imyaka 85, Jacques Hamel, yishwe n’intagondwa zibiri z’Abayisilamu, mu ndwi iheze igihe, ariko agirisha imisa.

Abantu amajana n’amajana bakoraniye, uno musi ku wa kabiri, muri Katedrali mu gisagara ca Rouen, mu buraruko bw’igihugu, mu misa y’ukumusezera yahagarikiwe na Musenyeri wo mu karere ka Rouen, Dominique Lebrun.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Bernard Cazeneuve, n’abandi bategetsi b'Ubufransa bitavye iyo misa.

Padiri Jacques Hamel, yishwe n’imikangara ibiri yamuciye izosi, igira abandi imbohe. Abikekwa m uri ubwo bwicanyi bararashwe n’igipolisi, mu gisagara ca Saint-Etienne-du-Rouvray, hafi y’ibilometero bitandatu n’igice, mu bumanuko bw’igisagara ca Rouen.

Reta ya Kiyislamu yiyitiriye ico gitero ibicishije mu masanamu ya video yashize ahabona.

Ku musi w’Imana uheze, Abayislamu baritavye imisa y’Abakatolika, mu bice abantu basengeramwo, mu gihugu c’Ubufaransa, no mu Butaliyano. Babigize kugira berekane ko bifatanije n’Abakristu, inyuma y’iyicwa rya Padiri, Jacques Hamel.

XS
SM
MD
LG