Uko wahagera

USA: Florida Isaba Imfashanyo y'Ukurwanya Zika


Abategetsi muri reta ya Florida, muri Reta zunze ubumwe za Amerika, basaba imfashanyo yo kurwanya ukwiyadukiza kw’umugera wa Zika. Abantu cumi bashasha nibo bamenyekanye ko bafise Zika, mu mpera z’indwi irangiye.

Guverineri wa Florida, Rick Scott, yafashe ingingo inyuma yuko ikigo kijejwe kurwanya indwara, kigabishije ku musi wa mbere kw’abapfasoni bibungenze bokwirinda kuja mu karere kari mu buraruko bw’igisagara ca Miami. Aho ni ho abantu bashasha banduye Zika.

Mu gihe reta ya Florida iriko irondera imfashanyo y'Amerika, Guverineri Rick Scott, yatangaje ko bazobandanya utwigoro tw’ukurwanya Zika.

Ibiro vya perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Maison Blanche, vyatangaje, ejo ku musi wa mbere, ko bizokwubahiriza ivyasabwe na Guverineri wa Florida. Uyu mutegetsi avuga ko abantu bose bazwi ko banduye Zika bayitewe n’imibu muri ako karere.

Gushika ubu, abantu 14 nibo bamaze kumenyekana ko bafise Zika muri iyi reta. Mu bayanduye, cumi na babiri n’abagabo, babiri nabo n’abagore.

XS
SM
MD
LG