Uko wahagera

Lam Akol Yavuye muri Reta ya Sudani y’Ubumanuko


Umwe mu bategetsi bakomeye batavuga rumwe na reta ya Sudani yo mu Bumanuko yasezeye imirimo yiwe muri reta y’Ubumwe.

Lam Akol yar’umushikiranganji w’Uburimyi yamenyesheje k’umusi wa mbere ko umugambi w’amahoro war’ugamije kurangiza burundu intambara mur’ico gihugu waburijwemwo na Perezida Salva Kiir.

Mu kiganiro yahaye ijwi ry’Amerika, Akol yamenyesheje ko abasirikare ba Perezida Kiir aribo basomborokeje intambara yongera avuga ko ata mahoro azoboneka mugihe umutekano w’abatavuga rumwe na reta utubahirijwe.

Ntaco Salva Kiir arabivugako kandi n’abandi mu batavugarumwe na reta ntaco barashikiriza ko bamushigikiye canke batamushigikiye.

Akol yavuze kandi ko we n’abiwe bagiye kwisuganya hanze y’umurwa mukuru Juba ariko ntiyatomoye neza ko yoba agiye gusubira gutanguza intambara.

Reta y’ubumwe mfatakibanza yashinzwe mu kwezi kwa kane, hari hashize amezi icenda Kiir na Machar basinye amasezerano y’amahoro I Addis Ababa k’umurwa mukuru wa Etiyopiya, amasezerano yar’ahagarariwe n’amakungu.

XS
SM
MD
LG