Uko wahagera

USA: Senateri John McCain Yiyamirije Trump


Khazir Khan n’umupfasoni wiwe Ghazala
Khazir Khan n’umupfasoni wiwe Ghazala

Imishamirano n’uguterana amajambo hagati y’umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, n’abavyeyi b’umusurikare w’umunyamerika w’umuyislamu yapfuye ari ku rugamba, vyasubiye kwaduka kandi ku wa mbere.

Senateri wa Reta ya Arizona, John McCain, yagizwe imbohe mu ngwano yo muri Vietnam mu myaka y’i 1960, yariyamirije Trump, kuba yatutse Khazir Khan n’umupfasoni wiwe Ghazala, mu gihe bariko bibuka umuhungu wabo, mw’ikoraniro kaminuza y’umugambwe w’Abademokarate mu ndwi iheze.

Umuhungu wabo yishwe mu gitero ca bombe c’umwiyahuzi, mu mwaka w’i 2004, mu gihugu ca Iraki.

Khan, n’umupfasoni wiwe, Ghazala, bashigikiye umukandida w’Umudemokarate, Hillary Clinton, babandanije kwiyamiriza, Donald Trump, mu biganiro batanze kuri televiziyo.

John McCain, ubwiwe yifatiwe mu gahanga na Donald Trump, kubera yafashwe akagirwa imbohe, mu gihe c’ingwano yo muri Vietnam, yatangaje ko adashigikiye na gato ivyatangajwe na Donald Trump.

McCain amenyesha ako yizeyeko Abanyemerika bumva kw’ivyatangajwe na Trump, bidaserukira iviyumviro vy’umugambwe w’Abarepublika, n’abayobozi bawo.

XS
SM
MD
LG