Uko wahagera

Kugwanira Ubutegetsi muri Sudani y'Ubumanuko


Umuvugizi wa Riek Machar, asanzwe atavuga rumwe na Reta, yasavye amakungu kutemera no kudashigikira igenwa rya Taban Deng Gai
Umuvugizi wa Riek Machar, asanzwe atavuga rumwe na Reta, yasavye amakungu kutemera no kudashigikira igenwa rya Taban Deng Gai

Muri Sudani y’Ubumanuko, umuvugizi wa Riek Machar, asanzwe atavuga rumwe na Reta, yasavye amakungu kutemera no kudashigikira igenwa rya Taban Deng Gai, aheruka kugenwa ngwasubirire Riek Machar mu mabanga yiwe.

James Gadet Dak, avuga ko igenwa rya Taban, ryasenyuye amasezerano y’amahoro.

Atuma urutoke Perezida Salva Kiir ko ariwe yatumye ayo masezerano atubahirizwa. Dak avuga kandi ko basavye inteko mvamakungu ko zoza gufasha mu gisagara ca Juba, kugira ibintu bisubire mu buryo.

Hitezwe ko Taban Deng Gai, aheruka kugenwa ngwasubirire Riek Machar, azoja ku biro bikuru vy’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, aho azoba agiye gusigura ibiriko birahinduka ku ruhande gw’abatavuga rumwe na Reta. Dak, umuvugizi wa Riek Machar avuga ko ONU itategerezwa kumwakira, kuko atemewe n’amategeko.

Mu ndwi iheze Riek Machar yaratangaje ko abanywanyi biwe biteguye gutera gushika mu gisagara Juba, biturutse ko Perezida Salva Kiir n’abasirikare ba Reta batera abanywanyi biwe. Abanywanyi ba Perezida Salva Kiir batera ivyatsi ivyo Machar yatangaje, bakavuga ko ariko ahamagarira iyindi ngwano, izoheza igasubiza igihugu muntambara y’urutavanako.

XS
SM
MD
LG