Uko wahagera

Florida: Bane Bikekwa ko Banduye Zika


Umugera wa Zika, utegwa n’imibu, urikekwa kuba washitse muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Abantu bane bikekwa kuba bawufise mu reta ya Florida, mu bumanuko bushir’ubuseruko bwa Amerika.

Haraheze amezi make, abajejwe amagara y’abantu muri Amerika bavuze ko bishoboka ko Zika iriho muri Amerika. Ibimenyetso vyawo bikaba vyatumye abanyepolitike batumwakwo urutoke kuko ata mafaranga arashigwa ahabona yo kugwanya Zika, canke kugwanya imibu isanzwe itera iyi ngwara.

Mu kwezi kwa kabiri, Ibiro vya perezida wa Amerika vyari vyasavye amafaranga agera ku muliyaridi umwe n’imiloyoni amajana icenda z’amadolari, yo kugwanya Zika. Ariko Inama Nkenguzamateka ikaba yari yemeye umuliyaridi umwe n’imiliyoni ijana z’amadolari.

Abajejwe amategeko bavuga ko bazobandanya gusaba ayo mafaranga yo kugwanya Zika, mu kwezi kw’icenda.

Amareta akaba asabwa gukingira abanyagihugu no kugwanya iyo mibu itera Zika, bakoresheje uburyo bafise mur’uyu mwanya.

XS
SM
MD
LG