Uko wahagera

Hissene Habre Yetegetswe Kuriha Abo Yasinzikaje


Hissene Habre
Hissene Habre

Sentare idasanzwe y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika yategetse, Hissene Habre, yahoze ari umutegetsi atwaza agahototo w’igihugu ca Chad, muri iki gihe apfunzwe, kuha indishi abantu ibihumbi n’ibihumbi basinzikajwe, n’amabi yakoze igihe yari ku butegetsi.

Iyo sentare iri ku murwa mukuru wa, Senegal, Dakar, yategetsi Habre, kuriha hafi y’amadolari ibihumbi mirongo itatu na bine, umwe umwe wese, mu bantu basinzikajwe n’ugufata abapfasoni ku nguvu, gufata abantu bunyamaswa n’ugupfungwa, mu buryo butarekuriwe n’amakegeko, n’ibindi vyaha mu kiringo yamaze ku butegetsi, kuva mu mwaka w’i 1982, gushika mu mwaka w’i 1990, hamwe n’incuti zabo.

Amnafranga yaciriwe kuriha muri rusangi agera ku miliyoni mirongo umunani na zitanu z’amadolari.

Habre, yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, mu kwezi kwa gatanu ku vyaha bityoza agateka ka muntu, ivyaha vyo mu ngwano, gufata abantu bunyamaswa, n’ivyaha bifatiye ku gitsina.

Amwe mu matungo ya Hissene Habre, yarafashwe muri kahise, yamara ivy’uko yoba akwiye ku bisabwa na sentare y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, ntibitomoye.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, ryakiye neza iyo ngingo, mu kuvuga ko itanga akarorero mu makungu.

Iryo shirahamwe ryasavye kw’amatohoza ku mabi yakozwe na Hissene Habre, na Reta yiwe abandanya.

Reta ya Habre, yagirizwa iyicwa ry’abantu ibihumbi mirongo ine, n’ayandi mabi atari make.

XS
SM
MD
LG