Uko wahagera

Turikiya: Gusimbura ba Jenerali na Amirali 149


Umusi umwe inyuma yuko Turikiya, yirukanye abasirikare barenga ibihumbi bine n’amajana ane, urwego rukuru rw’igisirikare c’igihugu rwakoranye vyihutirwa kugira rugene ababasubirira.

Abayobozi b’igisirikare ca Turikiya, bategerezwa gusubiriza intwazangabo zo kw’ipete rya Jenerali na Amirali 149.

Ivyo n’ukuvuga hafi y’igice c’intwazangabo zo kuri urwo rwego amajana atatu na mirongo itanu n’umunani, bikekwako bagize uruhara mw’igeregezwa rya kudeta ryananiwe ryo kw’italiki 15 z’ukwezi kw’indwi.

Inama yo mu gitondo c’uno musi ku wa kane, yahuje umushikiranganji wa mbere, Binali Yildirim, n’intazangabo z’igisirikare c’igihugu, kigwanira ku butaka, mu mazi no mu kirere. Gatoyi imbere y’iyo nama babiri mu ntwazangabo zo kw’ipete rya Jenerali batanze imhoho.

Reta ya Turikiya, kandi yugaye televiziyo, n’ibinyamakuru ijana na mirongo itatu n’imwe. Yasohoye impapuro z’uguhagarika abamenyeshamakuru mirongo umunani n’icenda, cumi n’indwi muribo baza bari mu mvuto.

XS
SM
MD
LG