Uko wahagera

Ubufaransa: Francois Hollande mu Nama n'Abanyamadini


Perezida Hollande w'Ubufaransa ahejeje kubonana n'Abanyamadini
Perezida Hollande w'Ubufaransa ahejeje kubonana n'Abanyamadini

Perezida w’Ubufaransa Francois Hollande yarakoranije abarongoye amadini atandukanye kuwa gatatu kugira abatere intege kandi abasaba kurushiriza kwiyunga n’aho iterabwoba ribandanya.

Abayoboke batari ba ekleziya katolika m’Ubufaransa bari bagitekewe n’ubwoba inyuma y’ubwo bwicanyi bwabaye k’umusi wa gatatu. Bamwe bo mw’idini ry’Abayisilamu basaba ko hofatwa ingingo zikomeye gucungera inyubakwa z’amadini m’Ubufaransa.

Nawe Papa Fransisiko, abicishije k’umuvugizi wiwe, Federico Lombardi yaneguye ico gitero cakorewe k’isengero rya Katolika ahatangarizwa ubutumwa bw’amahoro.

Ni mugihe umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu nawo wasohoye amasanamu ya videwo kuwa gatatu yerekana abagabo babiri bagirizwa kwica umupadiri w’umufaransa bamamaza umukuru wabo Abu Bakr al-Baghdadi.

XS
SM
MD
LG