Uko wahagera

DRC: Tshisekedi Yagarutse Mu Gihugu


 Tshisekedi Yagarutse Mu Gihugu aramutsa abanywanyi biwe.
Tshisekedi Yagarutse Mu Gihugu aramutsa abanywanyi biwe.

Abantu baharurwa mu bihumbi nibo bari bakoraniye mu mabarabara yo k’umurwa mukuru Kinshasa wa Republika iharanira Demokarasi ya Kongo bakira Etienne Tshisekedi atavuga rumwe ra reta yar’amaze imyaka ibiri kwivuza mu Bubirigi .

Tshisekedi w’imyaka 83 ntaco yashikirije abanywanyi biwe igihe yashika ku kibuga c’indege, azoshikiriza ijambo k’umusi w’Imana aho ategekanya guhura n’abanywanyi biwe mu myiyamamazo.

Abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Kongo babona ko umuzo wiwe ushobora gutuma bagira inguvu zo kubuza Laurent Kabila kwigungira k’ubutegetsi.

Abarongoye imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga kandi ko bizeye ko kabila azova k’ubutegetsi kw’igenekerezo rya 19 ukwezi kwa 12 uko bizogenda kwose nk’uko bitegekanijwe n’amategeko.

Tshisekedi yatsinzwe amatora muri 2011 ariko gushik’ubu aracari umunyapolitike akomeye mur’ico gihugu naho yar’amaze imyaka ibiri hanze yaco.

XS
SM
MD
LG