Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko: Taban Deng Gai Yasubiriye Mashar


Mu bubamfu, Taban Deng Gai, icegera ca mbere gishasha na Perezida Salva Kiir, i buryo bari mu ngoro y'umukuru w'igihugu i Juba.
Mu bubamfu, Taban Deng Gai, icegera ca mbere gishasha na Perezida Salva Kiir, i buryo bari mu ngoro y'umukuru w'igihugu i Juba.

Perezida Salva Kiir wa Sudani yo mu bumanuko yarahije mu mabanga icegera ciwe ca mbere gishasha, Taban Deng Gai aheruka kugena ngo asubirire Riek Machar.

Mashar yagiye mu kinyegero mur’uku kwezi inyuma y’aho abasirikare bamuyoboka batanye mu mitwe n’inteko za reta.

Icegera c’umukuru w’igihugu mushasha, jenerali Taban Deng Gai, avugwa ko nawe yagize uruhara mu biganiro vy’amahoro k’uruhande rwa Riek Mashar.

Mw’ijambo yashikirije yemera ayo mabanga kuwa kabiri, Deng yamenyesheje ko agiye kwihutira gukora ibintu bitatu: Guhagarika intambara, gusubiza mu zabo abahungiye hagati mu gihugu no gusubiza hamwe abasirikare bo ku mpande zose.

XS
SM
MD
LG