Uko wahagera

Ruyigi: Umushingamateka Araburabuzwa


Umushingamateka Bizumuremyi Pascal yatowe ku ruhande rw’urunani y’Amizero y’Abarundi uruhande ruyoboka Agathon Rwasa. Kuva ku musi wa mungu avuga ko umutekano wiwe ubangamiwe na bo yita imbonerakure n’abakozi b’iperereza.

Uwo mushingamateka avuga ko Bulamatari w’intara ya Ruyigi Hassan Abdallah yoba ari inyuma y’abamubuza amahoro. Uyu mushingamateka avuga ko musi w’Imana uheze, haje umukozi wo mw’iperereza amufata amasanamu aho yamusanze mu kabare amubajije igituma abikoze amubwira ko ari ko kazi kiwe atabindi yomubaza.

Uwo mushingamateka aremeza ko kumuburabuza atari ivy’ubu kuko no mukwezi kwa kane yagiye kugarukira ku bantu bari babuze ababo muri komine ya Gisuru batewe n’abagizi ba nabi. Ico gihe, igipolisi camubujije kubagarukirako.

Hassan Abdallah aramutswa intara ya Ruyigi asigura ko uwo mushingamateka yihaye gukoresha amanama yo mu mu kinyegero. Bulamatari Abdallah avuga ko adashobora kumwihanganira kuri iyo ngendo kuko biri mu bisshobora guteza umutekano muke mu ntara.

Bulamatari Abdallah amenyesha ko mu gihe cose yoshaka kugirisha Inama nk’uwatowe kuba umushingamateka yohabwa uburenganzira.

XS
SM
MD
LG