Uko wahagera

Ubuyapani: 15 Bishwe Bacumiswe Imbugita


Inzu y'abagendana ubumuga i Sagamihara, hafi ya Tokyo.
Inzu y'abagendana ubumuga i Sagamihara, hafi ya Tokyo.

Abategetsi b’Ubuyapani bamenyesha ko abantu 15 bishwe bacumiswe imbugita n’umuntu yabasanze mu kigo babamwo c'abagendana ubumuga kiri ahitwa Sagamihara, mu burengero bw’umurwa mukuru Tokyo kur’uyu wa kabiri.

Ibimenyeshamakuru bitangaza ko abarenga cumi bakomeretse.
Ikinyamakuru NHK gikorera mu buyapani kimenyesha ko igipolisi cahagaritse umugabo w’imyaka 26 babonye yishikana mur’ico kigo afise imbugita.

Bivugwa ko yahora ar’umukozi w’ico kigo. Imvo y’ubwo bwicanyi ntiramenyekana.

XS
SM
MD
LG