Uko wahagera

Libiya: Reta y'Ubumwe Yatumyeko Ambasaderi w'Ubufaransa


Libiya kw'ikarata
Libiya kw'ikarata

Reta y’ubumwe, ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, y’igihugu ca Libiya yatumyeko Ambasaderi w’Ubufaransa ku musi wa mbere.

Ivyo vyabaye inyuma y’imyiyerekano yabaye, mu mpera z’iyi ndwi, ku murwa mukuru, Tripoli, no mu bindi bice vyo mu gihugu, y’ukwiyamiriza abasikare badasanzwe w’Ubufaransa.

Abasirikare batatu b’Abafaransa barishwe mu ndwi iheze mw’isanganya ry’indege, mu busaruko bwa Libiya. Ivyo vyatumye Ubufaransa buba igihugu ca mbere cemeye ku mugaragaro ko carungitse imirwi y’inteko zidasanzwe gufasha imirwi igwanya intagondwa z’Abayislamu muri Libiya.

Inteko zidasanzwe zo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’Ubwongereza, nazo nyene zobonwako ziri ku butaka bwa Libiya, kuva mu mpera z’zumwaka w’i 2015.

Yamara ntaco Reta ya Amerika, n’Ubwongereza, biravuga ku mugaragaro ku vyerekeye nimba inteko zayo ziri mu gihugu ca Libiya.

Hari ubwoba butera bwiyongera mu baserukira ibihugu vyo mu burengero bw’isi, kw’iyo myiyerekano iriko ikokezwa n’intagondwa z’Abayislamu, ishobora gutuma izo ntagondwa zigerageza gusubiriza Reta y’ubumwe n’inama y’igihugu igizwe n’izo ntagondwa, mu burengero bw’igihugu.

XS
SM
MD
LG