Uko wahagera

Iterabwoba Mu Budagi


Umwimukira w’Umunyasiriya w’imyaka 27 yaturikije bombe yamuhitanye igakomeretsa abandi bantu batari bake mu gisagara ca Ansabach, mu gihugu c’Ubudagi, yari umunywanyi wa Reta ya Kiyislamu. Ivyo bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru, ry’uwo murwi, Amaq.

Iryo tororokanirizo ry’amakuru ryatangaje uwo Munyasiriya yagize ico gitero mu kwishura ku kamo katewe na Reta ya Kiyislamu k’ukugira ibitero mu bihugu bigize urunani rujejwe kuyirwanya.

Umutegetsi mukuru ajejwe umutekano mu ntara ya Bavaria, Joachhim Hermann, yabwiye abamenyeshamakuru kw’uwo muntu yagize ico gitero yafashe amasanamu ya video kuri telephone yiwe igendanwa yemera gukwirikiza amabwirizwa y’umuyobozi mukuru wa Reta ya Kiyislamu, Abu Bakr al-Baghdadi.

Herman yantangeje kandi kw’ibikoresho vy’ugukora amabombe vyatowe i muhira iwe.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati w’Ubudagi, Thomas de Maziere yatagetse ko hafatwa ingingo zikomeye zerekeye umutekano mu bibanza vyose birimwo uruja n’uruza rw’imodoka n’abantu.

Uwagize igitero mu gisagara ca Ansbach yari yagerageje kwiyica incuro zibiri imbere yaho. Yaturikije bombe ku musi w’Imana inyuma yuko yankiwe kwinjira mu kibanza cariko kiberamwo isabukuru y’umuziki mu gisagara ca Ansbach hafi y’igisagara ca Nuremberg.

XS
SM
MD
LG