Uko wahagera

Ubudagi: Igisasu Cakomerekeje 12 mu Gisagara ca Ansbach


Abategetsi b’Ubudagi bamenyesha ko umwambukira yamuka muri Siriya yishwe mu gihe ibombe yari yitwaje imuturikiyeko mu gisagara ca Ansbach hafi y’igisagara gikuru ca Nuremberg ejo k’umusi w’Imana.

Abantu 12 barakomeretse. Abategetsi bamenyesha ko uwo muntu yari yateguye kugituritsa kandi ko yari yaragerageje kwiyahura mu kanya gato imbere yuko aturitsa iyo bombe.

Yari yarimwe ubuhungiro mu Budagi mu mwaka uheze, ariko yari yemerewe kuba aragumye mur’ico gihugu.

Iki gisasu co kur’uyu wa mungu mu gisagara ca Ansbach catumye abantu barenga ibihumbi bibiri bari mu giteramo c’umuziki hafi y’aho cabereye baca bahakurwa kumvo z’umutekano.

Hagat’aho, iyindi mpunzi yitwaje umupanga yamuka muri Siriya yarishe umugore umwe ikomeretsa abandi bantu babiri mu gitongo co kuwa mungu nyene, mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Reutlingen, hafi y’igisagara ca Stuttgart.

Ivyo bitero bije bikurikira ikindi cabaye mu ndwi iheze cahitanye abantu 9 bishwe n’umusore w’imyaka 18 mu gisagara ca Munich k’umusi wa gatanu.

XS
SM
MD
LG