Uko wahagera

Tim Kaine Yagenywe Ngwabe Icegera Ca Hillary Clinton


 Hillary Clinton, na Tim Kaine
Hillary Clinton, na Tim Kaine

Umukandida w’aba Demokrate, Hillary Clinton, na Tim Kaine, yagenywe ngwabe icegera ciwe, bagize ikoraniro rya mbere bari kumwe, kur’uyu wa gatandatu muri Reta ya Florida, mu bumanuko bushira uburengero bwa Amerika.

Hillary, amaze kwereka abari ngaho uwuzomubera icegera, yavuze ko bompi ukwari babiri bazokora kugira bagure imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu.

Yaneguye ijambo ry’umukandida w’aba Republikani Donald Trump, rivuga ko azokwubaka impome. Hillary abwira abari ngaho ko bobo bazokwubaka ibiraro, kugira bagure imigenderanire n’ayandi makungu.

Tim Kaine asanzwe ari umusenateri, nawe amaze gufata ijambo, yabwiye ikoraniro ryar’aho ko azokora ibishoboka kugira ahindure ubuzima bwa benshi.

Ari hamwe Hillary Clinton atsindiye amatora yo mu kw’11, Clinton na Kaine bavuze ko bazoheza bakerekana mu kiringo c’iminsi ijana uko bazoba bagiye gutunganya ivy’ubuhungiro muri Amerika. Ngw’akazoba ari programa iha ubwenegihugu abanyamahanga.

Bavuze kandi ko bazobandanya urugamba gwo kugwanya iterabwoba, n’ubugizi bwa nabi bufatiye ku bwicanyi bumaze iminsi muri Amerika.

XS
SM
MD
LG