Uko wahagera

Ubudagi: Abantu 9 Bapfuye mu Gitero i Munich


Igipolisi kiriko kirakura abantu mu kibanza abantu basumiramwo mu gisagara ca Munich, kw'italiki 22 z'ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2016
Igipolisi kiriko kirakura abantu mu kibanza abantu basumiramwo mu gisagara ca Munich, kw'italiki 22 z'ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2016

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yerekanye ko ababajwe n’igitero cabereye mu gisagara ca Munich, mu gihugu c’Ubudagi, ku musi wa gatanu. Ivyo bitero bivurwako vyahitanye abantu batandatu.

Mw’ijambo yashikirije, mu nama n’abategetsi bajejwe kwubahiriza amategeko, perezida Obama, yatangaje ko mu gihe ido n’ido ry’ivyabaye bikiriko biraja ahabona, bifatanije mu mubabaro n’aboba bakomeretse. Yamenyesheje kw’Ubudagi ari kimwe mu bihugu bicuditse cane na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Akaba yemeye gufasha mu buryo bwose Ubudagi bushobora kuba bukeneye muri ibi bihe bitoroshe.

Abantu icenda bavurwa ko bapfuye, mu mu gitero catanguye ku musi wa gatanu ku muhingamo.

Igipolisi co mu gihugu c’Ubudagi cemeje kw’insoro zarashwe, mu kibanza abantu basumiramwo mu gisagara ca Munich citwa, “Olimpia Shopping Center”.

Kimenyesha kw’abapolisi bishuye ari benshi cane.

Abategetsi bamenyesha kw’igikorwa c’uguhiga abagize ico gitero kiriko kirana mu gisagara czose.

Igipolisi kimenyesha ko babona ko uwagize igitero atari umuntu umwe gusa.

Yamara nta birenga ahi biramanyekana ku woba canke aboba bagizez ico gitero.

XS
SM
MD
LG