Uko wahagera

Perezida Obama Yabonanye na Perezida Enrique Pena Nieto


Umusi umwe inyuma yuko Donald Trump, yemeye icese igenwa ryiwe ku mugaragaro n’umugambwe wiwe w’Abarepublika, kugira azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Bwana Trump yiyemeje kwubaka uruhome hagati ya Amerika na Mexique, abakuru b’ivyo bihugu bibiri babonanye i Washington.

Perezida Barack Obama,yakiye mu biro vyiwe, Maison Blanche, perezida wa Mexique Enrique Pena Nieto ku wa gatanu i Washington DC. N’urugendo rwa mbere perezida Nieto agize muri Amerika kuva mu kwezi kwa mbere.

Perezida Pena Nieto yamenyesheje kw’ivyatangajwe na, Donald Trump, ku vyuko abimukira b’Abanyameika bazana ibiyayura umutwe, ubugizi bwa nabi n’ugufata abapfasoni ku nguvu, muri Amerika, bigeramira imigenderanire hagati ya Amerika na Mexique.

Perezida Pena yanebaguye umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, naho yatangaje kw’igihugu ciwe kizokorana n’uwariwe wese azosubirira perezida Obama.

XS
SM
MD
LG