Uko wahagera

Burundi: Abikekwa Kw'Igandagurwa Rya Hafsa Mossi, Bahagaritswe


Abaislamu batawye Ikiziga ca Hafsa Mossi
Abaislamu batawye Ikiziga ca Hafsa Mossi

Mu Burundi, ubushikranganji bujejwe umutekano mu gihugu bwaratangaje ko ku musi wa kane, italiki 21 z’ukwezi kw’indwi, umwaka w’i 2016, inzego zijejwe umutekano zafashe abantu batatu bikekwa ko bagize uruhara mw’igandagurwa rya Hafsa Mossi, kw’italiki 13 z’ukwezi kwindwi, umwaka w’i 2016.

Abo bantu bahagaritse mu mugambi w’ugutohoza igandagurwa rya Madame Hafsa Mossi. Mossi yar' ahagarariye Uburundi mu muryango w’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko.

Abo bantu bahagaritswe igihe bariko bategura kugandagura umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Inyuma y'uko iyo nkuru imenyekanye, inzu iri muri Mutanga yo mu buraruko muri Komine ya Ntahangwa, hafi y’aho Honorable Hafsa Mossi yagandaguriwe, yarasatswe.

Ubushikiranganji bujejwe umutekano w’igihugu bumenyesha ko ku bw’amatohoza amaze kuba n’ibimenyetso inteko zijejwe umutekano zifise, abo bantu bahagaritswe baremera ko baronse amategeko n’amafranga avuye ku bantu ubushikranganji bujejwe umutekano budasobanura bari I Kigali mu Rwanda.

Ubushikiranganji bujejwe umutekano bumenyesha kw’itohoza ku rupfu rwa Hafsa Mossi ribandanya.

XS
SM
MD
LG