Uko wahagera

Donald Trump Yemeye Kuba Umukandida w'Abarepubulikani


Donald Trump yemeye k’umugarargaro ko ariwe mu kandida agiye guserukira aba republika mu guhiganirwa ikibanza c’umkuru w’igihugu mu matora yo mu kwezi kwa cumin a kumwe kuza.

Ivyo yabimenyesheje ejo kuwa kane, inyuma y’aho ikoraniro kaminuza ry’abarepublika rimuhitiyemwo ko ariwe azoriserukira mur’iryo higanwa.

Umushingantahe Trump yongeye gushimangira ko azogarukana umutekano muri Amerika kandi azoyikomeza.

Yemeye ko azokorana n’abandi basangiye umugambwe kugira bashikane uwo mugambwe ku ntsinzi, kw’iterambere no mu mahoro.

Ariko n’aho avuga uko, abakurikiranira ivya politike hafi muri Amerika bavuga ko baravye uko Amerika yigabuyemwo ibice, kandi n’ico civugo asa n’uwugisangiye na Hillary Clinton ariko ahiganirwa ico kibanza k’uruhande rw’aba Demokarate, bamenyesha ko bitazomworohera guhangana nawe.

XS
SM
MD
LG