Uko wahagera

Ubufaransa: Uruhigi rw’Abakora Iterabwoba Rurabandanya


Abategetsi b’Ubufaransa batangaje ko igipolisi c’ubufaransa cakoze igikorwa co guhiga abakora iterabwoba mu gice c’ahitwa Argenteuil mu buraruko bwa Paris kuwa kane hafi y’ikigo co gusomeramwo ibitabo c’aba Isilamu.

Ntibiramenyekana ko iryo sekeza har’ico risana n’igitero cabereye mu gisagara ca Nice cahitanye abantu 84.

Hagat’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’Ubufaransa Bernard Cazeneuve yamenyensheje ko ata bapolisi bari bacunze akayira k’abantu kakoreshejwe na ya kamyo yiha inkumbi mu gisagara ca Nice.

iryo tangazo rije rivuguruza iryo yaheruka gushikiriza ko imbere yuko iryo bara rigwa imiduga y’igipolisi yari yazibiye inzira.

Abantu batanu bakekwa kugira uruhara mur’ubwo bwicanyi kur’uyu wa kane niho barengutswa imbere y’ubutungane ari nabwo buzobakoza.

XS
SM
MD
LG