Uko wahagera

Imigenderanire yaTurukiya n'Amerika Ntiyifashe Neza


Umutegetsi mukuru wa Turkiya ajejwe imigenderanire n’amakungu Aysen Sozen Usluer, yavuze ashimika yuko imigenderanire hagati ya Turukiya n'Amerika itagiye guhungabana cane bitewe na coup d’etat yateshejwe mu ndwi iheze.

Amenyesha ariko ko igihugu ca ciwe kigiye kuza kirafata ingingo zungukira bose kubijanye n’imigenderanire hagati yabo na reta zunze ubumwe z'Amerika.

Usluer, yaganiriye n’ijwi ry'Amerika ku migambi y’igihugu ciwe inyuma yaho habereye kugomba gutembagaza ubutegetsi, vyari vyateguwe n’akagwi k’abasirikare.

Imigenderanire hagati y'Amerika na Turkiya ntiyifashe neza mur'iki gihe, inyuma y'iyo coup d’etat yateshejwe k'umusi wa gatanu, aho abo mu mugambwe uri k'ubutegetsi AK, n’abashingamateka ba reta basohoye inzandiko ku mbuga za internet bavuga ko Amerika yagize uruhara muri uwo mugambi.

XS
SM
MD
LG