Uko wahagera

Siriya: Reta ya Kiyisilamu Isabwa Kuva Manbij mu Masaha 48


Abagwanyi bashigikiwe na reta zunze ubumwe z'Amerika muri Siriya bahaye abagwanyi ba reta ya kiyisilamu amasaha 48 kuba bavuye mu karere k’igisagara ca Manbij kiri mu buraruko bwa Siriya.

Abo bagwanyi bashigikiwe n'Amerika bakaba bakikuje ico gisagara ca Manbij kuva mu kwezi guheze, kandi bakaba babandanya kugirayo ibitero.

Itanganzo ryashikirijwe n’akanama k’abasirikare karwanya reta ya Kiyisilamu I Manbij, gatanganza ko gahaye abo bagwanyi akaryo ko guhunga kuneza yabo, bafise ibigwanisho bito bito.

Ako kanama k’abasirikare bashigikiwe n'Amerika kagizwe n’abasirikare b’umugwi bitwa “Syrian Democratic Forces (SDF) kakaba gashigikiwe n’urunani rw’ibihugu biyobowe na reta zunze ubumwe z'Amerika mu kugwanya reta ya kiyisilamu mu buraruko bwa Siriya. Iryo tangazo karishohoye mugihe hasanzwe hari icuka kibi catewe n’ibitero biheruka kugigwa n’urwo runani.

Ibiro bijejwe kugenduza agateka ka zina muntu muri Siriya bifise icicaro mu bwongereza, bitanganza kw’ivyo bitero vyagizwe n’urwo runani ruyobowe na Amerika mu karere ka Manbij ku musi wa kabiri, vyahitanye abasivile 56, muribo hakaba harimwo n’abana.

Imigwi y’abaharanira agateka ka muntu biteguriye kugira imyiyerekano mu gihugu cose, imigwi y’abatavuga rumwe na reta igasaba ibihugu vyo muburengero bw’isi guhagarika ibitero vyo mukirere biriko biragirwa.

XS
SM
MD
LG