Uko wahagera

Ubufransa: Amategeko Adasanzwe Yongerejwe Amezi 6


Ubufransa kw'ikarata
Ubufransa kw'ikarata

Abashingamateka mu gihugu c’Ubufransa, batoye ku musi wa gatatu, ku vyerekeye kwongereza amategeko yo mu bihe bidasanzwe, mu kindi kiringo c’amezi atandatu.

Ayo mategeko aha abapolisi ububasha bw’ugusaka n’ugufata abantu, batabanje kubiherwa uburenganzira n’abacamanza.

Mw’ijambo yashikirije mu nama nshingamateka, umushikiranganji wa mbere w’Ubufransa, Mannuel Valls, yatangaje ko urugamba rw’ukurwanya iterabwoba ruzofata ikiringo kirekire, kandi rutazoba rworoshe. Yagabishije kudakumira Abayislamu imiliyoni n’imiliyoni b’Abafaransa.

Yatangaje ko bategerezwa gukingira abanyagihugu bose. Ko bategerezwa gukingira Abayislamu b’Abafransa, n’abo bose bagendera imico ya Kiyislamu.

Amenyesha ko Reta ya Kiyislamu iriko igerageza gucamwo ibice Abafransa.

Vyari vyitezweko inama nkenguzametaka itora kuri iyo ngingo, mu mpera z’umusi wa ku wa gatatu.

XS
SM
MD
LG