Uko wahagera

Donald Trump Yemejwe Ku Mugaragaro

Donald Trump umuganda w'umugambwe waba Repubulikani
Donald Trump umuganda w'umugambwe waba Repubulikani

Umugambwe waba Republikani wagenye kumugaragaro umukandida Donald Trump, ngw’aze awuserukire mw’ihiganwa ry’umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Kur’uyu wa kabiri, mu gisagara ca Cleveland, muri Reta ya Ohio, ahariko habera inama nkuru y’abanywanyi b’umugambwe w’aba Republikani, niho abaserukira abandi mur’uyo mugambwe, ku gwego gw’ama Reta batangaje ko bashyigikiye Trump.

Trump yaronse amajwi 1237, amuha uburenganzira bwo guserukira aba Republikani mw’ihiganwa ry’Umukuru w’Igihugu. Mw’ijambo yaciye ashikiriza, yavuze ko azokora yivuye inyuma, kandi ko atazobatetereza.

Guverineri Michael Pence, asanzwe atwara Reta ya Indiana akaba ariwe yagenywe kuzoba icegera ca Trump uzohiganirwa ikibanza c’umukuru w’Igihugu n’umupfasoni Hillary Clinton, waba Demokrate, itariki umunani z’ukwezi kwa cumi na rimwe, uyu mwaka w’2016.

Abana ba Donald Trump
Abana ba Donald Trump

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, umugambwe waba Republikani aho usanzwe uri mu nama nkuru, mu gisagara ca Cleveland, muri Reta ya Ohio, washize ahabona imigambi ngendegwako umu candida wabo Donald Trump azoshir’imbere mu kiringo c’imyaka ine iri imbere, ari hamwe atowe.

Iyo migambi, bashize mu gitabo c’impapuro mirongo itandatu, iranegura ingingo Perezida Barack Obama yagiye arashiraho zijanye n’imigenderanire n’ayandi makungu. Aho ni nkugutezurira ibihano Iran kugira ishobore kwisubirako mu mugambi wayo w’ibigwanisho ruhonyanganda.

Iyo migambi inegura kandi politike ya Perezida Obama ku bijanye no kugwanya Reta ya kisilamu, no mugusubiza hamwe n’Igihugu ca Cuba.
Barongera bakanegura kandi umugambi wa Perezida Obama wo guha ubuhungiro abanyasiriya ibihumbi cumi, bakavuga ko ivyo ari intambamyi ku mutekano wa Amerika.

Iyo migambi kandi iravuga k’ugucungera imbibe za Amerika mu Buseruko, aho Amerika ihana imbibe na Mexique. Bakavuga ko bazohubaka uruhome rukomeye, kugira bagabanye uruja n’uruza gw’abantu n’imiduga kur’uyo mupaka.

Iyo migambi ihayagiza igisagara ca Yerusalemu muri Israyeli, mu kuvuga ko ico gisagara arikizokwamaho, kandi kidashobora gusenyuka. Donald Trump, umukandida waba Republikani akavuga ko bazoshiraho umugwi ujejwe kwiga ikibazo ca Israyeli na Palestine.

Mu vyerekeye imibano, imigambi yaba Republikani yiyamiriza ingingo ya Sentare nkuru yemerera abasangiye ibitsina kwubaka biciye mu mategeko.
Umukandida waba Republikani, Donald Trump, yavuze ko iyo migambi ari myiza cane, naho yose itajanye n’ingendo yiwe ya politike.

Imyigaragambyo mu gisagara ca Cleveland
Imyigaragambyo mu gisagara ca Cleveland

Aho mu gisagara ca Cleveland umugambwe waba Republikani washize ahabona imigambi ngendegwako umu kandida wabo azoshir’imbere mu kiringo c’imyaka ine iri imbere, ari hamwe atowe.

Iyo migambi, bashize mu gitabo c’impapuro mirongo itandatu, iranegura ingingo Perezida Barack Obama yagiye arashiraho zijanye n’imigenderanire n’ayandi makungu. Aho ni nkugutezurira ibihano Iran kugira ishobore kwisubirako mu mugambi wayo w’ibigwanisho ruhonyanganda.

Iyo migambi inegura kandi politike ya Obama ku bijanye no kugwanya Reta ya kiyisilamu, no mugusubiza hamwe n’Igihugu ca Cuba.
Barongera bakanegura kandi umugambi wa Perezida Obama wo guha ubuhungiro abanyasiriya ibihumbi cumi, bakavuga ko ivyo ari intambamyi ku mutekano wa Amerika.

Iyo migambi kandi iravuga k’ugucungera imbibe za Amerika mu Buseruko, aho Amerika ihana imbibe na Mexique. Bakavuga ko bazohubaka uruhome rukomeye, kugira bagabanye uruja n’uruza gw’abantu n’imiduga kur’uyo mupaka.

Iyo migambi ihayagiza igisagara ca Yerusalemu muri Israyeli, mu kuvuga ko ico gisagara arikizokwamaho, kandi kidashobora gusenyuka.

Trump, umukandida waba Republikani akavuga ko bazoshiraho umugwi ujejwe kwiga ikibazo ca Israyeli na Palestine. Mu vyerekeye imibano, imigambi yaba Republikani yiyamiriza ingingo ya Sentare nkuru yemerera abasangiye ibitsina kwubaka biciye mu mategeko.

Trump, yavuze ko iyo migambi ari myiza cane, naho yose itajanye n’ingendo yiwe ya politike.

XS
SM
MD
LG